Nk’uko biri mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’ubutegetsi bw’imbere mu gihugu ku wa 8 Gicyurasi 2023 ariko rija ahabona ku wa 21 uku kwezi, Adriyano Sibomana asanzwe arongoye inama nkuru y’abashingantahe mu Burundi asaba ko urwo rwego rw’abashingantahe rwokwemererwa kubandaya ibikorwa vyarwo.
Ni inyuma y’aho urwo rwego rwahora rujejwe gutatura amakimbirane hagati y’abanyagihugu ku rwego rw’ibanze ruhagaritswe n’umushikiranganji Martin Niteretse ajejwe ubutegetsi bw’imbere mu gihugu, kugira ngo ntirubangamire ishirwaho ry’abahuza bo ku mitumba bazoba bajejwe gukinga no gutatura amatati.
Inyuma y’amezi 8 urwo rwego rugiyeho, Adriyano Sibomana agira ati : “Nashaka rero kubasaba nshimitse ko mwobona ko hageze ko muturekurira kubandanya ibikorwa vyacu kuko mumaze kubona ko Abashingantahe atar’ico bafasha , ataco bonona mu gihugu cacu.”
Mwomenya ko kuva ku wa 16 nyakanga 2022, urwo rwego rw’abashingantahe rwari rwarahagaritse ibikorwa vyarwo bijanye no guhurira mu manama , kwatira Abashingantahe bashasha, gutoza intererano n’ibindi.
Gushika ubu ubutegetsi bukaba bwemeza ko urwego rw’abahuza ruriko rurabasha mu kugabanya ibitigiri vy’imanza ziri mu ma sentare y’intango. Ariko igikorwa cabo kikaba ari co gutatura amakimburane imbere y’uko ashikira ama sentare y’intango (Urukiko).
Umutumba n’amakaritiye mu yirenga 2900 ukaba ufise abahuza 15 barimwo abagabo n’abagore.

CorridorReports yadabagije abashaka gutunga websites zabo bwite! Dukora website zo mubwoko bukurikira:
- Ubucuruzi (E-commerce)
- Iyamamaza ibikorwa ukora
- Iyo kuranga Akazi (Job listing)
- Iyu Urusengero
- Iya Organization
- Iya Company
Twandikire kuri Whatsapp unyuze hano: https://shorturl.at/cfkBO