Nk’uko biri mu makete agena abakozi batandukanye bo mu bushikiranji bw’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano, biboneka ko intwazangabo mu gipolisi zahoze zivuga rikijana mu butegetsi bwa Prezida Pierre Nkurunziza no mu ntango y’ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye, bagizwe abakozi basanzwe ahatandukanye.
Uwa mbere ni Lieutenant Général de Police Gabriel Nizigama yahoze ari umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ku butegetsi bwa Pierre Nkurunziza no mu myaka ibiri ya mbere y’ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye. Akaba yagizwe umujyanama asanzwe wa minisitri w’ubutegetsi bw’imbere mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano.
Général Gabriel Nizigama akaba yakuriwe rimwe mu mabanga na General Alain Guillaume Bunyoni mu kwezi kwa Nyakanga aho yaciye asubirirwa na Colonel Aloys Sindayihebura yahora ajejwe iperereza ry’imbere mu gihugu.
Gabriel Nizigama akaba ari nawe yarongoye ibirori vyo kwimika Prezida Evariste Ndayishimiye mu mwaka wa 2020, kubera ikibanza yarimwo ari co camwemerera gutanga imidari y’igihugu (Chancelier des ordres nationaux).

Iyindi ntwazangabo yahawe amabanga asanzwe ni Colonel de Police Innocent Alfred Innocent Museremu yagenywe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano kuba umurongozi w’igisata kijejwe kwitaho abapolisi muri komisariya y’igipolisi iri mu karere k’uburasirazuba bw’uburundi (chef de service chargée de l’Action Sociale au commissariat régional Est)
Colonel Alfred Innocent Museremu nawe nyene akaba atari umuntu asanzwe mu gipolisi c’Uburundi kuko yamaze igihe kinini arongoye iperereza mu gihugu hagati (DDI) no hanze y’igihugu gushika mu kwezi kwa kane 2023.
Alfred Innocent Museremu akaba yaciye asubirirwa na Colonel Pierre Claver Nzisabira yahora ari Umuyobozi ntayegayezwa w’Inama nkuru y’umutekano (Conseil National de sécurité).

Twobibutsa ko kuva mu kwezi kwa Myandagaro 2022, umukuru w’igihugu Evariste ndayishimiye yagiye aragira impinduka mu burongozi bw’igihugu c’Uburundi. Abategetsi batandukanye bakaba bagiye barahindurirwa amabanga uhereye ku wahoze ari minisitiri w’intebe General Alain Guillaume Bunyoni.
Izo mpinduka zikaba zagiye zibonekeza n’ukugene umugambwi CNDD-FDD ugenda uratwarwa. Abanyamabanga ntunganyabisata batari bake barahinduwe, icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu arahindurirwa amabanga gushika naho mbere mu banyamabanga bakuru barongoye umugambwe CNDD-FDD mu ntara zimwe zimwe nabo nyene bahindurwa.
Gushika ubu ntawuzi ico izo mpinduka zoba zigamije ariko bamwe bakabona ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yoba ariko arakomeza ubutegetsi bwiwe mu kugene abamworohereza kurangura imigambi yemereye abarundi.
Iyo nkuru muyakiriye gute?
CorridorReports yadabagije abashaka gutunga websites zabo bwite! Dukora website zo mubwoko bukurikira:
- Ubucuruzi (E-commerce)
- Iyamamaza ibikorwa ukora
- Iyo kuranga Akazi (Job listing)
- Iyu Urusengero
- Iya Organization
- Iya Company
Twandikire kuri Whatsapp unyuze hano: https://shorturl.at/cfkBO