Mugihe mu Burundi imigambwe (Amashyaka) imaze imisi ihinyanyura amategeko ayigenga mu ntumbero yo kwitegurira amatora ya 2025-2027, mu mugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Rwasa Agathon yahoze arongoye ikiroberi ca Palipehutu FNL, ubu akaba aza kw’isonga mu banyepolitike batavuga rumwe na Reta y’Uburundi, icuka ntikimeze neza.
Bamwe mu banywanyi biwe bamwagiriza ko amaze imisi ahonyanga amategeko mu ntumbero yo gushaka kwirabishako ivyiza vyose bigizwe n’uturusho tw’amafaranga aboneka mu mugambwe CNL.
Ariko Rwasa Agathon we akavuga ko abo bamaze bakwiragiza ayo makuru ari abaheruka gusubirizwa mu biro bikuru vya politike vy’uwo mugambwe. Rwasa akaba agirako agabisha ko uwuzohirahira akagerageza kubandanya ahungabanya ibikorwa vy’ishyaka arongoye ko azohanwa hisunzwe amategeko y’umugambwe n’ay’igihugu.
Ivyo bikaba biri mw’itangazo no 03 ryo ku wa 12 gicyurasi 2023 ryateweko umukono n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe Simon Bizimungu.
Naho rwasa avuga ko isubirizwa ryabo ryaciye mw’ikoraniro kaminuza, Ku rundi ruhande, abo basubirijwe bavuga ko vyakozwe mu buryo bunyuranye n’amategeko nk’uko biri mw’ikete basohoye kuri uyu 15 Gicyurasi 2023. Ku bw’ivyo rero ngo ivyayavuyemwo vyose nta gaciro bigira.
Tubabajije aho bahera bavuga ko ata gaciro vyogira kandi vyaciye mw’ikoraniro kaminuza, abo banywanyi b’umugambwe CNL baciye basohora urwandiko rumenyesha ko mu nteguro zose z’amakoraniro yo ku wa 12/3/2023 na 30/4/2023 , ata muntu n’umwe wo mu biro bikuru vy’umugambwe mubatumvikana na Rwasa Agathon yigeze ashirwa mu nteguro canke ngo amenyeshwe uko izo manza 2 zatunganijwe.
Bagira bati : “Ivyo bihonyanga amategeko n’amategekarugo vy’umugambwe kuko atomora neza ko ikoraniro kaminuza ritegurwa n’ibiro bikuru vy’umugambwe biri hamwe atawukumiriwe.”

Ni ayahe makosa makuru makuru bagiriza umushingamateka Rwasa Agathon
Bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNL twaganiriye, bakaba bidoga amafaranga batanga yo gukodera inzu Rwasa Agathon, ukuntu imisi yose ashaka kuba ari we yita imbere n’ibindi.
Bakaba batanga akarorero ku kuntu abashingamateka baturuka mu mugambwe CNL batakaje ikibanza c’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka kubera bamusavye gutanga umukenyezi wo mu bwoko bw’abatutsi, aca ahitamwo gutakaza uwo mwanya kubera yashaka ko atawundi aja muri ico kibanza atari we nyene.
Rwasa Agathon akaba yari amaze imyaka 5 ari muri ico kibanza n’ukuvuga kuva mu 2015 gushika 2020.
Ahandi bafatira bagiriza Rwasa Agathon ko yishira imbere akibagira abo basangiye umugambwe ni ivyabaye mu mwaka uheze, aho yategeka abashingamateka basangiye umugambwe gusohoka mu nteko ishinga amategeko mu Burundi mugihe hariko haraba amatora y’abashingamateka bari bagombe barungikwe mu nama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EALA (East African Legislative Assembly).
Ico gihe, yari yashize imbere umugore wiwe Annonciate Haberisoni ariko abashingamateka bo mu mugambwe CNDD-FDD (basanzwe ari benshi mu nama inshinga amategeko) baca bahitamwo uwitwa kathy Kaneza, umukenyezi wo mu bwoko bw’abatutsi.

Abajijwe n’abamenyeshamakuru ko ata bwoba afise ko umugambwe CNL ushobora gucikamwo kubiri, Agathon Rwasa yishuye abamenyeshamakuru mu kwezi kwa Ntwarante 2023 ko ivyo ata bwoba vyomutera kuko atari ryo rya mbere biba ariko ababigize ntihagire ico bibamarira.
Yagize ati : “Uwiyumvira ko yogirirwa akamaro no gushinga umugambwe ukomotse muwiwanje vyiza kuko abagiye muri iyo nzira ntiberewe.”
Twobibutsa ko no mu mwaka wa 2010, Umushingamateka Rwasa Agathon yatakaje umugambwe yari arongoye witwa FNL biturutse ku kutumvikana ku vyavuye mu matora yo mu mwaka wa 2010.
CorridorReports yadabagije abashaka gutunga websites zabo bwite! Dukora website zo mubwoko bukurikira:
- Ubucuruzi (E-commerce)
- Iyamamaza ibikorwa ukora
- Iyo kuranga Akazi (Job listing)
- Iyu Urusengero
- Iya Organization
- Iya Company
Twandikire kuri Whatsapp unyuze hano: https://shorturl.at/cfkBO
http://corridorreport.com/hari-ibimenyetso-simusiga-vyerekana-ko-umugambwe-cnl-wa-rwasa-agathon-ushobora-gucikamwo-kubiri/
Umwaka uburamwo amezi macye ugombe uhere nanditse iyi nkuru kuri Corridorreport.com
None ubusesanguzi nagize ico gihe, ivyo navuga nivyo vyaraye bibaye. Birangiye Agathon Rwasa bamupapuye umugambwe.