Sondag, Januarie 19, 2025
Sondag, Januarie 19, 2025
spot_imgspot_imgspot_imgspot_img
HomeAmakuruBurundi : Umushikiranganji ajejwe ubutegetsi bw’imbere mu gihugu yahebuje abibaza ko Leta...

Burundi : Umushikiranganji ajejwe ubutegetsi bw’imbere mu gihugu yahebuje abibaza ko Leta izoshira mu ngiro urubanza rwa sentare ya EAC ku bijanye n’ikiringo ca 3 ca Pierre Nkurunziza

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Rusama/Gicyurasi 2023, abarongoye imigambwe, sosiyete sivile, abajejwe intwaro n’ibimenyeshakuru bari baramutse bahurira hamwe bibuka imyaka 8 iheze mu Burundi habaye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi bw’uwahoze ari umukuru w’igihugu umuhisi Pierre Nkurunziza.

Umushikiranganji Martin Niteretse ajejwe ubutegetsi bwo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano mw’ijambo ryiwe, akaba yarakuriye inzira ku murima aboba bibaza ko irya ngingo ya Sentare y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko ivuga ko ikiringo ca 3 ca Pierre Nkurunziza kitari cujuje amategeko izohava ishirwa mu ngiro na Reta y’Uburundi.

Martin Niteretse yabasiguriye ko Reta y’Uburundi itazigera iha agaciro irya ngingo ya Sentare, kuko ngo umucamanza yaciye rurya rubanza atabanje kuraba imbere ya vyose ingene ruzoja mu ngiro.

Agira ati : “kirya kibazo c’urubanza rw’i Arusha, je nibaza ko ata vyinshi nobivugako. Mbega uwaciye rurya rubanza yariyumviriye vy’ukuri ingene ruzoja mu ngiro? Mbega nka hamwe yotubwira ngo turushire mu ngiro natwe tugaca tuvuga ati ntarwo dushira mu ngiro. None hoca haba iki?”

Abandanya abaza ati : “Twanse kurushira mu ngiro boca bafunga abagize sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro? Boca bafunga umukuru w’igihugu ko ari we ahagarariye amategeko y’ibibera mu gihugu?”

Martin Niteretse, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano

Umushikiranganji Martin Niteretse akaba yasavye abari ngaho ko botekana, ko inzego z’igihugu zibijejwe ziriko zirabikurikirana kuko ngo rurya rubanza vyabonetse ko harimwo amahinyu.

Yagize ati : “Rurya rubanza ni Sans effet. Ntihagire n’uwo bitesha ico yikorera, inzego zibijejwe zizomenya ico zikora.”

Twobibutsa ko iyo ngingo ya Sentare ya EAC yo ku wa 25 munyonyo 2021, mu gisata cayo c’iyungururizo, yagiye ahabona mu mwaka uheze, yavuga ko ingingo RCCB 303 yo ku wa 5 Rusama 2015 yafashwe na Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi (yahaye ububasha Pierre Nkurunziza bwo kwitoreza ikiringo kigira 3) ko yahonyanze amategeko ashinga umuryango wa Afrika y’ubuseruko, amasezerano y’amahoro no kunywanisha abarundi y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi.

Evariste Ndayishimiye we avuga iki ku bijanye n’urwo rubanza?

Ayo majambo aheruka gushikirizwa na Martin Niteretse aje akurikira ivyavuzwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye igihe abajijwe n’abamenyeshamakuru, aho Reta ihagaze ku bijanye n’iyo ngingo ya Sentare ya EAC, hari mu kiganiro yaremesheje mu mpera z’umwaka wa 2022.

Evariste Ndayishimiye yishuye ko Sentare ya Afrika y’ubuseruko ata bubasha ifise bwo  gushobora  kuvuguruza urubanza rwaciwe na sentare y’i Burundi kuko Uburundi ari igihugu cikukiye.

Evariste Ndayishimiye we yabona ko hoba hari bamwe mu banyepolitike bari mu buhungiro na bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu boba bari inyuma y’iyo ngingo ya sentare ya EAC.

General Major Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba na kizigenza w’inzego zo kwivuna abansi n’umutekano, akongera akaba ari nawe kizigenza w’urwego rw’Ubutungane mu Burundi

Mu kwezi kwa 9 k’umwaka wa 2022, umuvugizi wa Reta y’Uburundi Prosper Ntahorwamiye nawe nyene yari yamenyesheje ko iyo ngingo ataco izofasha kuko ikiringo cari cateye impari co kuva mu mwaka wa 2015-2020 caheze kandi n’uwo ico kiringo cerekeye yamaze kwitaba Imana.

Prosper Ntahorwamiye yasiguye ko ikiburanirwa kitakiriho. Ko muri ico gihe rero urwo rubanza ruca ruba impfagusa.

Ku kijanye n’uko abahagaritswe bagirizwa gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 boca batezurirwa, Prosper Ntahorwamiye yishuye ko bagomvye guhirika ubutegetsi bw’ikiringo kikiriho co kuva mu mwaka wa 2010-2015. Yongerako ko amategeko y’Uburundi ahana akongera agahasha abagomba gushikira ubutegetsi baciye mu gikenye. Aca asaba ko boreka ubutungane bugakora.

http://corridorreport.com/politike/dore-icyateye-umwuka-mubi-uvugwa-hagati-ya-guverinoma-yu-burundi-na-guillaume-bunyoni/

Ntahorwamiye Prosper, Umunyamabanga wa Reta y’Uburundi akaba n’umuvugizi wayo

Agathon Rwasa : Umunyepolitike atavuga rumwe na Reta we siko abibona

Umunyepolitike aza kw’isonga mu batavuga rumwe na Reta ya CNDD-FDD (umugambwe uri k’ubutegetsi mu Burundi) Agathon Rwasa, asanzwe anarongoye umugambwe CNL ntabona kumwe n’ivyo bishikirizwa n’abategetsi ba Reta y’Uburundi.

Mw’itangazo yasohoye ku wa 10 gitugutu 2022, yasaba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye  gukora uko ashoboye kwose kugira ngo ashire mu ngiro ingingo ya Sentare y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yemeza ko ikiringo ca gatatu c’umuhisi PierreNkurunziza kitari cemewe n’amategeko kandi ko n’abakozweko n’ingaruka z’ico kiringo Reta ikwiye kubashumbusha.

Agathon Rwasa we abona ko ivyo vyose vyabaye kubera mu Burundi hamye hari ikibazo co gukoresha ubutungane ku mvo za poritike ivyo navyo bigatuma butigenga kandi abanyagihugu n’abanyamitahe mvamakungu ntibabwizere kubera ibiturire  hamwe no kutagendera akarangamutima karanga ico gisata.

Rwasa Agathon, Umunyepolitike utavuga rumwe na Reta y’Uburundi

Rwasa akabona ko nyabuna inzego z’ubutungane zikwiye kwigenga vy’ukuri kuva hasi gushika hejuru, abacamanza nabo bagakubita agatima mpembero bakibuka indahiro bagira imbere yo gutangura ibanga ryabo.

CorridorReports yadabagije abashaka gutunga websites zabo bwite! Dukora website zo mubwoko bukurikira:

  • Ubucuruzi (E-commerce)
  • Iyamamaza ibikorwa ukora
  • Iyo kuranga Akazi (Job listing)
  • Iyu Urusengero
  • Iya Organization
  • Iya Company

Twandikire kuri Whatsapp unyuze hano: https://shorturl.at/cfkBO

Dukurikire kumbugankoranyambaga Zacu:

Tunga App yacu uge ubashe gusoma amakuru neza:

Google Play Store
Andi makuru

Igitekerezo 1

Musubize

Shyira hano igitekerezo cyawe!
Injiza izina ryawe

- Kwamamaza -spot_img

Izi ntuzicikwe

Verified by MonsterInsights