Ibiro vya polisi vyo mu ntara ya Kayanza mu majyaruguru y’Uburundi, yaraye imenyesheje kuri uyu w’Imana italiki ya 20 Rusama 2023, ko hari umugabo azwi kw’izina rya Ingabire Jean Claude yafashwe ku wa gatanu italiki 19 Rusama/Gicyurasi 2023 yagirizwa kwiba terefone mu gisagara ca Kayanza akoresheje uruyeri.
Amakuru abandanya atangwa na polisi amenyesha ko uwo mugabo yabanje yiyita akazina ka “Kigeme” kandi akiyambika nk’abakobwa, yewe ngo n’intambuko yari asigaye agenda nk’abakobwa ku buryo vyari bigoye kuvumbura ko atari umukobwa koko.
Ikindi ngo abagabo n’abasore bamutelefona yabitaba akoresheje akajwi k’abakobwa kuburyo bamuganiriza bazi ko bariko baraganira n’umukobwa.
Polisi ibandanya imenyesha ko mu nyuma abo bagabo n’abasore vyarangira abambuye ivyabo.
Polisi ikaba ibandanya ivuga kandi ko uwo yiyita Kigeme atari ubwa mbere afashwe yakoze ubusuma akoresheje urwo ruyéri.
Ingabire Jean Claude ariyemerera ko ubwo busuma asanzwe abukora yifashishije uruyeri rwo kwigira umukobwa nk’uko amakuru abandanya atangwa na polisi abivuga.
Uwo ni umusore yitwa Jean Claude Ingabire asanzwe avuka muri komine Busiga mu ntara ya Ngozi ariko kwiba abagabo n’abasore yabikorera mu gisagara ca Kayanza
Gushika ubu akaba agifungiwe mu gasho ko muri komisariya mu gisagara ca Kayanza mu kurindira ko baheza kumukorera dosiye ica ijanwa mu butungane (butabera).

CorridorReports yadabagije abashaka gutunga websites zabo bwite! Dukora website zo mubwoko bukurikira:
- Ubucuruzi (E-commerce)
- Iyamamaza ibikorwa ukora
- Iyo kuranga Akazi (Job listing)
- Iyu Urusengero
- Iya Organization
- Iya Company
Twandikire kuri Whatsapp unyuze hano: https://shorturl.at/cfkBO